Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 16

Umugani w’umutunzi n’umworo yitwa Lazaro

19 Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru. 20 Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega. 21 Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe.

22 Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we nyene arapfa, arahambwa, 23 Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. 24 Wa mutunzi arasemerera ati: Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.

25 Ariko Aburahamu aramwishura ati: Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu, ariko arahozwa amarira, na we uri mu mibabaro. 26 Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata n’uwushobora kuva hiyo ngo aze ino.

27 Wa mutunzi arishura ati: Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data. 28 Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.

29 Aburahamu aramwishura ati: Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.

30 Wa mutunzi na we ati: Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.

31 Ariko Aburahamu aramwishura ati: Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ "

Veja também