Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 17

12 Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe. 13 Barasemerera bati: "Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!"

14 Ababonye, arababwira ati: "Nimugende, mwiyereke abaherezi." Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.

15 Umwe muri bo abonye ko akize, aca asubira inyuma aja iyo Yesu ari, ashima Imana n’ijwi rirenga. 16 Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.

17 Yesu arabaza ati: "Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he? 18 Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?" 19 Aca aramubwira ati: "Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também