Ivy’ukuza kw’Ubwami bw’Imana
20 Umusi umwe Abafarisayo babajije Yesu aho Ubwami bw’Imana buzozira, na we arabishura ati: "Ubwami bw’Imana ntibuza mu buryo bubonwa n’amaso, 21 kandi nta wuzovuga ngo: ‘Ehe buri hano’ canke ngo: ‘Ehe buri hariya.’ Kuko Ubwami bw’Imana buri hagati muri mwebwe."