Yesu ahumura impumyi
35 Yesu agira ashike i Yeriko, hari umuntu w’impumyi yari yicaye ku nzira asegerereza. 36 Yumvise abantu benshi bariko bararengana, abaza ibiriko biraba. 37 Na bo bamubwira bati: "Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana."
38 Aca arasemerera ati: "Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"
39 Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!"
40 Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati: 41 "Ushaka ko ndagukorera iki?"
Na we arishura ati: "Mwami, ndashaka guhumuka."
42 Yesu aramubwira ati: "Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije." 43 Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.