25 I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we. 26 Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo yasezeranywe n’Umwami Imana. 27 Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we, 28 Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati:
29 "Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye,
urasezeye umusavyi wawe amahoro.
30 Kuko amaso yanje yiboneye agakiza,
31 ako wateguriye amahanga yose.
32 Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana,
ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli."