Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 24

Yesu yiyereka abantu bariko baja i Emawusi

13 Kuri uwo musi nyene, abigishwa babiri ba Yesu bariko baja mu gisagara citwa Emawusi kiri nko kuri sitadiyo mirongo itandatu24:13 Ni nk’ibilometero 11. uvuye i Yerusalemu, 14 bagenda baganira ku vyabaye vyose. 15 Bakiriko baraganira bahanahana ivyiyumviro, Yesu aca arabegera ajana na bo. 16 Ariko amaso yabo anyegezwa uwo ari we, ntibamumenya.

17 Yesu arababaza ati: "Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?"

Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane. 18 Umwe muri bo yitwa Kirewofasi aca amubaza ati: "Ni wewe wenyene waje i Yerusalemu utamenye ivyahabereye muri iyi misi?"

19 Na we arababaza ati: "Ni ibiki vyabaye?"

Baramwishura bati: "Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari uwuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu. 20 Abaherezi bakurubakuru n’abatware bacu baramutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, maze baramubamba, 21 natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye. 22 Ikigeretseko, hari abagore bo muri twebwe badutangaje. Bagiye ku mva uno musi mu gitondo, 23 ariko ntibabona ikiziga ciwe. Baje batubwira ko abamarayika babiyeretse, bababwira ko ari muzima. 24 Bamwe mu bagenzi bacu bagiye ku mva babisanga nk’uko abo bagore babivuze, ariko we ntibamubonye."

25 Yesu aca ababwira ati: "Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze. 26 Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?" 27 Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.

28 Bagira bashike mu gisagara bari bagiyemwo, Yesu amera nk’uwushaka kubandanya. 29 Ariko baramwinginga cane bati: "Gumana natwe kuko buriko burira, kandi umusi ugeze kure." Nuko Yesu agumana na bo.

30 Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza. 31 Amaso yabo aca aruguruka, baramumenya, ariko aca arakamangana, ntibasubira kumubona. 32 Baca batangura kubazanya bati: "Mbega imitima yacu ntiyariko iragurugumba igihe yariko aravugana natwe mu nzira, adusigurira Ivyanditswe?"

33 Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yerusalemu. Bashitseyo, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe, 34 bariko bavuga bati: "Ni ukuri Umwami yazutse, kandi yiyeretse Simoni." 35 Maze abo bigishwa babiri na bo babiganira ivyabaye mu nzira bariko baragenda, n’ukuntu bamumenye amaze kumanyagura umukate.

Veja também