Yesu ahamagara abigishwa ba mbere
1 Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana. 2 Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo. 3 Nuko yurira bumwe muri bwo; kandi bwari ubwa Simoni, aca amusaba ngo abwigize gatoya mu mazi. Maze, aca abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.
4 Ahejeje kwigisha, aca abarira Simoni ati: "Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe."
5 Simoni aramwishura ati: "Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga."
6 Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika n’aho insenga zitangura gutabuka. 7 Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.
8 Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: "Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!" 9 Ivyo Petero yabivuze kubera we na bagenziwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bahejeje kuroba. 10 Abo bagenziwe, yari Yakobo na Yohana bene Zebedayo.
Yesu abwira Simoni ati: "Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu." 11 Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.