Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 5

18 Nuko haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu akongataye, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu. 19 Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha iyo nderuzo aryamyeko, bayururukiriza hagati mu bantu, imbere ya Yesu.

20 Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: "Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe."

21 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: "Mbega uwu ni nde aza gutuka Imana? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

22 Yesu aca amenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 23 Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe,canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende? 24 Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Aca ategeka wa muntu akongataye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe witahire." 25 Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ico yari aryamyeko, ataha ahimbaza Imana.

Veja também