Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 6

6 Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo. 7 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato. 8 Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: "Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!" Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.

9 Maze Yesu arababaza ati: "Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?"

10 Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe!" Akugoroye, guca kurakira.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também