Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 8

49 Akiriko aravuga, haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, amubwira ati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha."

50 Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira."

51 Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana. 52 Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: "Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye."

53 Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye. 54 Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: "Mwana wanje, vyuka!" 55 Ubwo nyene impwemu yiwe imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire. 56 Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.

Veja também