20 Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi. 21 Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: "Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!"
22 Yesu aca ababwira ati: "Mukomere mu kwizera Imana. 23 Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye. 24 Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha. 25 Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze muharire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [