28 Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa. 29 Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abiharirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira."
30 Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.