Publicidade

Romanos 7

Urugero rw'Abaashaakanye

1 Mbese bavandimwe, ntimuuzi yuuko amategeko agenga umuntu igihe coose akiriho gusa? 2 Noone reero umugore washingiwe, itegeko rimuhambiira ku mugabo we igihe akiriho, ariko iyo umugabo amaze gupfa, itegeko ryo gushingiranwa ntiriba rikimufiteho ububaasha. 3 Nuuko reero, iyo umugabo we akiriho akamureka, akaja kwibaanira n'undi mugabo yitwa umusambanyi, ariko iyo umugabo we apfuuye aba abohoowe ku tegeko, ni co gituma ataba umusambanyi iyo acuuwe n'undi mugabo. 4 Namwe reero bavandimwe ico menyeesha ni iki, ntimukigengwa n'amategeko ubwo Kristo yabapfiiriye, kugira ngo mube ab'undi ari we wazuutse mu bapfuuye maze tukazeera imbuto mu guheereza Imaana. 5 Ubwo twari tukiri mu caaha, irari ry'ibibi ribyutswa n'amategeko ryaduteeraga kwera imbuto z'urupfu. 6 Ariko noone twabohoowe ku mategeko, kuko twapfuuye ku byerekeye itegeko ryari rituboshe. Ni co gituma dukorera Imaana tutagengwa n'inyandiko y' amategeko ishaaje ahuubwo dukorera mu bugingo busha dushobozwa n'Umwuka.

Itegeko hamwe n'Icaaha

7 Mbese noone tuvuge iki? Ngo amategeko ni icaaha? Oya ntibikabeho! Ariko sinari kumenya icaaha iyo ntakimenyeeshwa n'amategeko. Iyo itegeko ritavuga riti, "Ntuukifuuze ibintu by'abandi," sinari kumenya yuuko kwifuuza ari icaaha. 8 Ariko icaaha kinyuze mu mategeko, caabyukije muri nje kwifuuza koose, kuko aho amategeko atari icaaha nticaabaho. 9 Keera, nanje nari muzima amategeko ataraabaho, aho itegeko ryaziye icaaha kirahembuuka, 10 maze ndapfa. Itegeko ryagenewe kuuzana ubugingo, rinzanira gupfa mu buryo bw'umwuka. 11 Koko icaaha ciitwaje itegeko, kiranyosha kiranyiciisha.

12 Bityo reero, amategeko ni ayeera, ndetse n'itegeko ryose ni iryera, riratunganye kandi ni ryiza. 13 Mbese nooneho ico ciiza kibe caaranzaniye urupfu? Oya ntibikabeho! Ahuubwo icaaha caakoreesheje ikiri iciiza kugira ngo kinzanire guciirwa urubanza rw'urupfu. Mbega ukuntu icaaha ari kibi! Ceerekana ububi bwaco bwose bukabije ciitwaje itegeko.

Intambara yo mu Mitima Yaacu

14 Tuuzi neeza yuuko amategeko akomooka ku Maana, ariko ikibazo canje n'uko nkurikiza kamere muntu, nkaba imbaata y'icaaha. 15 Koko reero sinzi ico nkora kuko ico nshaaka gukora si co nkora, ahuubwo ico nanga akaba ari co nkora. 16 Ubwo reero nkora ico ntashaaka, ndemera yuuko amategeko ari meeza. 17 Bityo reero si nje ubikora, ahuubwo ni icaaha gituura muri nje. 18 Nzi neeza yuuko mu mutima wanje ntaaciiza kindimo ku bwa kamere yanje, kuko mpora nifuuza gukora iciiza ariko kugikora bikaananira. 19 Kuko iciiza nifuuza si co nkora, ahuubwo ikibi ntashaaka akaba ari co nkora. 20 Niiba reero ibyo ntifuuza gukora ari byo nkora, si nje ubikora ahuubwo ni icaaha gituuye muri nje.

21 Ibyo maze kubona mu buzima ni ibi: Iyo nshaatse gukora iciiza, nsanga nahisemo gukora ikibi. 22 Nkunda amategeko y'Imaana n'umutima wanje woose. 23 Ariko mbona irindi tegeko ryo mu ngingo z'umubiri wanje rirwanya itegeko ry'umutima wanje, ku buryo rituma mba imbohe y'itegeko ry'icaaha kiba mu ngingo z'umubiri wanje. 24 Yemwe ko mboonye ishano! Ni nde wankiza uyu mubiri unjaana mu rupfu? 25 Imaana ishimwe kuko ni yo yankiza muri Yesu Kristo Umwami waacu.

Naho ubundi, nje mu mutima wanje ndi imbaata y'amategeko y'Imaana, ariko muri kamere ndi imbaata y'amategeko y'ibyaha.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-