5 Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo. 6 Maze abantu benshi bamaze kwumva amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe. 7 Kuko abantu benshi baboshwe n’impwemu mbi barabohoka, izo mpwemu zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira. 8 Ivyo bituma haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.