13 Ariko wa mumarayika aramubarira ati: "Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana. 14 Uwo mwana azogutera kunezerwa no guhimbarwa, kandi ivuka ryiwe rizonezereza benshi, 15 kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.