Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 1

Mariya ahimbaza Imana

46 Mariya aravuga ati:

"Umutima wanje urahimbaza Umwami Imana,

47 kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,

48 kuko yibutse

umusavyikazi wayo muto.

Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,

49 kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye,

izina ryayo ni iryera.

50 Igirira imbabazi abayubaha,

uko uruganwe rukurikirana n’urundi.

51 Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi;

yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.

52 Yakuye abatware ku ntebe z’inganji,

ishira hejuru abaciye bugufi.

53 Yahagije ivyiza abashonje,

yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.

54 Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli,

yibuka kugirira imbabazi

55 Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose,

nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza."

Veja também