25 Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege umutego Yesu, aramubaza ati: "Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?"
26 Yesu aramwishura ati: "Ivyagezwe bivuga iki? Ubitahura gute?"
27 Aramwishura ati: " ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose’10:27 Abalewi 19:18; kandi, ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’10:27 Gusubiramwo 6:5"
28 Yesu aramubwira ati: "Wishuye neza. Genda ubigenze uko, uzobaho ibihe bidashira."
29 Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: "None mugenzanje ni nde?"
30 Mu kumwishura, Yesu amubwira ati: "Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa. 31 Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira. 32 Hanyuma haca Umulewi10:32 Umulewi umukozi wo mu Ngoro y’Imana. na we nyene aramubona, ariko aca aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arireganira. 33 Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe. 34 Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho. 35 Bukeye asokorora idenariyo zibiri azisigarana uwujejwe iyo nzu, amubwira ati: ‘Uwu muntu mumwiteho cane. Ninagaruka nzoriha ayo muzoba mwakoresheje arenga kuri aya.’
36 None muri abo bose, ni nde yabonetse nk’umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?"
37 Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: "Ni uwo yamugiriye impuhwe."
Yesu aca aramubwira ati: "Genda nawe ukore uko."