15 Aca ababwira ati: "Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise."
16 Aca abacira umugani ati: "Habaye umugabo w’umutunzi yarimye itongo ryiwe aronka umwimbu mwinshi cane. 17 Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’
18 Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: nsambure ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Gutyo nzoronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi. 19 Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: "Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi." ’
20 Ariko Imana iramubarira iti: ‘Wa gipfu we, iri joro nyene ubuzima bwawe urabwakwa. None ivyo waruhiye bizoba ivya nde?’
21 Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana."