11 Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. 12 Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: "Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe." 13 Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.