Yesu mu rusengero
41 Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika. 42 Yesu amaze imyaka cumi n’ibiri, ajana na bo muri iyo misi mikuru nk’uko vyari bisanzwe. 43 Imisi mikuru irangiye, abavyeyi biwe barataha, ariko uwo mwana Yesu asigara i Yerusalemu, yamara abavyeyi biwe ntibabimenya. 44 Nuko bamara umusi wose bagenda, bibaza ko umwana yoba ari mu bandi bari bafatanije urugendo. Mu nyuma batangura kumuronderera mu ncuti n’abagenzi. 45 Bamubuze, basubira i Yerusalemu kumurondererayo. 46 Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo. 47 Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe. 48 Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: "Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera."
49 Yesu aramubaza ati: "Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?" 50 Ariko ntibatahura ico ababwiye.
51 Maze baca basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe. 52 Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu.