26 Ariko ntimukwiye kumera gutyo. Ahubwo umukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umutware amere nk’umukozi wanyu. 27 Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwuri ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.