Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 22

Petero yihakana Yesu

54 Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo. 55 Ariko bamaze gushika mu rugo bagacana umuriro bakicara, Petero na we yaciye yicarana na bo. 56 Maze umwigeme umwe akora ngaho aramubona ariko arota umucanwa. Aramwihweza, aca avuga ati: "Uwu mugabo yari kumwe na Yesu."

57 Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: "Haba na mba, sindanamuzi!"

58 Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: "Na wewe uri umwe muri bo."

Petero yishura uwo muntu ati: "Eka sindi kumwe na bo."

59 Haciye nk’isaha, uwundi muntu arabishimangira ati: "Ni ivy’ukuri uwu yari kumwe na Yesu, kuko ni Umunyagalilaya."

60 Petero yishura uwo muntu ati: "Sinzi n’ivyo uriko uravuga." Akiriko aravuga, isake ica irabika. 61 Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: "Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu." 62 Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.

Veja também