Publicidade

Lucas 23

33 Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe. 34 Maze Yesu aravuga ati: "Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora." Maze bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo.

35 Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: "Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana."

36 N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe, 37 bamubwira bati: "Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!"

38 Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo:

Uwu ni umwami w’Abayuda.

39 Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: "Ko uri Kristo, niwikize hanyuma natwe udukize."

40 Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: "Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? 41 Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze."

42 Aca avuga ati: "Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe."

43 Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-