Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 11

Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami

1 Bariko baregereza i Yerusalemu, Yesu n’abigishwa biwe bashika ahitwa Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono. Yesu atuma babiri mu bigishwa biwe, 2 arababwira ati: "Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo, murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura muyizane hano. 3 Nihagira uwubabaza ati: Ivyo mukora ni ibiki?Mumwishure muti: Umwami arayikeneyekandi aca ayibasubiza adatevye."

4 Nuko baragenda basanga inyana y’indogoba ihagaze mu nzira, iziritse imbere y’irembo. Bariko barayizitura, 5 bamwe mu bantu bari bahagaze aho barababaza bati: "Ivyo mukora ni ibiki? Kuki muzitura iyo nyana y’indogoba?" 6 Na bo babishura nk’uko Yesu yababwiye, maze barabareka barayijana. 7 Nuko baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, na we ayicarako. 8 Maze abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo basasa amashami y’ibiti baciye ku misozi. 9 Abari imbere ya Yesu n’abari inyuma yiwe bagenda barasemerera bavuga bati:

"Hozana!"11:9 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo "Dukize!" Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana.

"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"11:9 Zaburi 118:25,26

10 "Hahezagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi buje!"

"Hozana hejuru mw’ijuru!"

11 Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivy’aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije.

Veja também