25 Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso5:25 Yava amaraso mu gihimba ciwe c’irondoka.. 26 Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. 27 Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, 28 kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." 29 Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.
30 Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?"
31 Abigishwa biwe baramwishura bati: "Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: ‘Ni nde ankozeko?’ "
32 Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. 33 Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. 34 Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."