17 Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana. 18 Kuko Yohana yama abwira Herode ati: "Ntivyemewe ko urongora umugore w’uwo muvukana."