9 Yongera arababwira ati: "Mwagize ishaka ryo kutubahiriza amabwirizwa y’Imana kugira ngo mwubahirize imigenzo yanyu! 10 Kuko Mose yavuze ati: ‘Wubahe so na nyoko,’7:10 Kuvayo 20:12; Gusubiramwo 5:16 yongerako ati: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina, aze yicwe.’7:10 Kuvayo 21:17; Abalewi 20:9 11 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu afise ico yari gufashisha se canke nyina, ariko akavuga ko ari Korobani; bisigura ko cagizwe inyegu y’Imana, 12 ko ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afashisha se canke nyina. 13 Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa mwishimikije imigenzo mwishingiye kandi mugakora n’ibindi vyinshi bisa n’ivyo."