Hoseya yiyuzuza n’umugore wiwe
1 Uhoraho arambwira ati: "Genda, usubire wereke urukundo umugore wawe, naho akundwa n’uwundi mugabo kandi akaba umusambanyikazi. Umukunde nk’uko Uhoraho akunda Abisirayeli, naho bahindukirira izindi mana bagakunda udutsima tubumbiwe izo mana mu nzabibu."
2 Nuko ndamugura shekeli cumi na zitanu3:2 Ni nk’amagarama 170. z’ifeza n’ingero homeru na leteki3:2 Ingero homeru na leteki ziri hamwe zapima nk’ibilo 195. vya sayiri. 3 Hanyuma nca ndamubwira nti: "Uzobana nanje imisi myinshi; ntuzosubire kuba maraya canke ngo wongere kuryamana n’uwundi mugabo n’umwe, nanje nzobana nawe gutyo nyene."