44 Abizera bose baba hamwe kandi bagasangira ivyabo vyose. 45 Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bakurikije ubukene bw’umwumwe wese. 46 Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. 47 Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.
Publicidade
Publicidade