51 Mwa ntagondwa mwe! Imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera. 52 Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Mugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,