2 muri uwo mwaka wa mbere w’ingoma yiwe nyene, jewe Daniyeli natahujwe n’ivyo nsomye mw’Ijambo ry’Uhoraho, nk’uko uwavugishwa n’Imana Yeremiya yabihishuriwe, rivuga ko Yerusalemu hazomara imyaka mirongo indwi ari umusaka.9:2 Umusaka. Ahantu hasambuwe canke hashaje, hatakiba abantu. 3 Nca mpindukirira Uhoraho Imana, ntangura gutakamba ndayisenga nongera ndayinginga, nisonzesheje, nambaye amagunira kandi nisize iminyota.
Publicidade