Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 18

Umugani w’Umufarisayo n’umutozakori

9 Yesu arongera acira uwu mugani abantu bishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati: 10 "Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori. 11 Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori. 12 Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.

13 Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.

14 Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si uko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru."

Veja também