Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 7

Ukwizera kw’umusoda w’Umuroma

1 Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu. 2 Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari agwaye, ari hafi yo gupfa. 3 Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe. 4 Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: "Uwu muntu birakwiye ko umufasha, 5 kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi." 6 Yesu aca ajana na bo.

Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: "Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje. 7 Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. 8 Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: Genda,aca agenda; nabwira uwundi nti: Ngwino,agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti Kora iki,aca agikora."

9 Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: "Ndababwire ukuri, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku no muri Isirayeli." 10 Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize.

Veja também