31 Yesu yongera kubabwira ati: "Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute? 32 Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati:
‘Twabavugirije umwironge,
ariko ntimwatamvye;
hanyuma tubaririmbira indirimbo z’ikigandaro,
ntimwarira.’
33 Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muca muvuga ngo: ‘Arimwo dayimoni.’ 34 Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga ngo: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ 35 Ariko icerekana ubwenge bw’Imana ni ubuzima bw’ababwakiriye."
Yesu asigwa amavuta n’umugore w’umunyavyaha
36 Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza. 37 Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,