Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 8

Umukobwa yari yapfuye n’umugore yari agwaye

40 Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu benshi cane bari bamurindiriye. 41 Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe, 42 kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise ari umwe kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri.

Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu benshi bamugunda. 43 Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, vyaranse ko akira. 44 Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.

45 Yesu na we aca arabaza ati: "Ni nde ankozeko?"

Bose babihakanye, Petero amubwira ati: "Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda."

46 Yesu aravuga ati: "Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo."

47 Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. 48 Yesu aca aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro."

49 Akiriko aravuga, haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, amubwira ati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha."

50 Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira."

51 Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana. 52 Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: "Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye."

53 Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye. 54 Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: "Mwana wanje, vyuka!" 55 Ubwo nyene impwemu yiwe imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire. 56 Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.

Veja também