43 Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, vyaranse ko akira. 44 Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.
45 Yesu na we aca arabaza ati: "Ni nde ankozeko?"
Bose babihakanye, Petero amubwira ati: "Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda."
46 Yesu aravuga ati: "Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo."
47 Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. 48 Yesu aca aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro."