Pular para o conteúdo
Publicidade

Lucas 9

38 Umwe muri abo bantu arasemerera ati: "Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe. 39 Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura asa nk’uwapfuye. 40 Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye."

41 Yesu arabishura ati: "Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano."

42 Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43 Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana.

Yesu asubira kuvuga ivyerekeye urupfu rwiwe

Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati:

Veja também