Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 4

Yesu ahagarika igihuhusi mu kiyaga

35 Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga." 36 Nuko basiga aho rya sinzi ry’abantu, baja mu bwato Yesu yari yicayemwo, bajana na we. Kandi hari n’ubundi bwato bwajanye n’ubwabo. 37 Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi. 38 Yesu we yari aryamye inyuma mu bwato, yiseguye yisinziririye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: "Mwigisha, nta co bikubwiye ko tugira twicwe n’amazi?"

39 Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: "Hora, tekereza!" Wa muyaga uca urahagarara, haba agahwekere.

40 Aca abwira abigishwa biwe ati: "Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?"

41 Ba bigishwa baratinya cane, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

Veja também