Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 5

38 Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga. 39 Nuko arinjira, ababwira ati: "Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." 40 Ba bantu baramutwenga.

Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. 41 Amufata ukuboko amubwira ati: "Talita kumi!" bisigura ngo: "Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!" 42 Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane.

Veja também