Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 7

Yesu akiza umuntu atumva kandi atavuga

31 Hanyuma Yesu ava mu karere kegereye igisagara ca Tiro aca i Sidoni imbere yo gusubira ku Kiyaga c’i Galilaya no mu karere ka Dekapolisi7:31 Akarere kagizwe n’ibisagara cumi.. 32 Ahashitse bamuzanira umuntu atumva kandi adatobora neza, binginga Yesu ngo amurambikeko ibiganza amukize.

33 Nuko Yesu aramufata, amwigiza kure y’abantu, ashira intoke ziwe mu matwi y’uwo muntu, acira amate ku ntoke ziwe maze amukora ku rurimi. 34 Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: "Efata!" bisigura ngo: "Zibuka". 35 Ubwo nyene amatwi ya wa muntu arazibuka, ururimi rwiwe ruragoboroka, aca atangura kuvuga neza.

36 Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza. 37 Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: "Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga."

Veja também