Pawulo na Silasi batabwa mw’ibohero
16 Umusi umwe, turiko turaja ahantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura. 17 Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: "Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza." 18 Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: "Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo." Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.