17 ‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma
nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose;
abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje,
n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe,
abatama banyu bazorota inzozi.
18 N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,
muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje
kandi bazovugishwa nanje.
19 Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru
n’ibimenyetso hasi kw’isi:
amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.
20 Izuba rizohinduka umwijima,
ukwezi guhinduke amaraso,
imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.
21 Kandi umuntu wese
azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’2:21 Yoweli 2:28-32