5Hari Umwami umwe, ukwizera kumwe, umubatizo umwe;
9(Mbega "yaraduze" bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi?
24hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.
68 resultados encontrados
5Hari Umwami umwe, ukwizera kumwe, umubatizo umwe;
9(Mbega "yaraduze" bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi?
24hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.
4kugira ngo barabe ingene bofata Yesu mu mpisho, hanyuma bamwice.
23Yesu arabishura ati: "Uwo twahurije amaboko mw’isahani ni we ahava angurisha.
28Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.
2Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza hamwe mugumije amajambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa.
4ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe Vyera bibivuga,
26Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu.
2Ubutunzi buvuye mu kwiba ntiburamba,ariko ubugororotsi bukiza umuntu urupfu.
12Urwanko ruvyura amatati,ariko urukundo rupfuka ibibi vyose.
22Umugisha w’Uhoraho uratungisha,kandi ntuvanzwe n’umuruho.
13Raba! Agenda nk’ibicu,imikogote yiwe igenda nk’agashururu,amafarasi yiwe agenda anyaruka kurusha inkona.Turagowe! Turahonye!
14Yewe Yerusalemu, wiyuhagire ububi bwose bwo mu mutima wawe kugira ngo ukizwe.Uzogeza ryari kwigenera ivyiyumviro bibi?
21Mbega nzogeza ryari kubona ibendera y’intambarano kwumva ijwi ry’inzamba?
16igihuna, ikirovyi, inyanana,
17ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba,
25muzokabe ibigiracumi vyanyu n’ifeza, muzijane mu kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije.
35Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.
36Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?
37Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?
1Uhoraho, abanyanka ni benshi!Abampagurukiye baragwiriye!
7Haguruka, ewe Uhoraho!Ntabara, ewe Mana yanje!Kubita abansi banje bose mu musaya;uhongore amenyo y’abanyakibi.
8Ugutabarwa kuva k’Uhoraho.Umugisha wawe nube ku bantu bawe.
3Nkiri mu mubiri,ngihumeka impwemu z’Imana,
8Mbega uwutubaha Imana yogira ivyizigiro bimeze gute Imana imuciye,ikamwaka ubugingo bwiwe?
10Umuntu nk’uwo yonezerererwa Iyishoboravyose?Akama atabaza izina ry’Imana ibihe vyose?
27Ukwubaha Uhoraho ni isoko y’ubuzima,kugarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
30Umutima urimwo amahoro uzana ubuzima bwiza mu mubiri,ariko ukwipfuza kuboza amagufa.
34Ubugororotsi ni bwo bushira hejuru ihanga,ariko icaha kigayisha ihanga iryo ari ryo ryose.
9Umutima uribesha kuruta ibintu vyosekandi ugwaye ingwara idakira.Ni nde yowutahura?
13Yewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli,abaguta bose bazomaramara.Abagutera ibitugu bazomera nk’abanditswe mu mukungugukuko bahevye Uhoraho,ari we soko y’amazi y’ubugingo.
17Ntumbere agaterabwoba;uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago.
2Nunsese, ewe Uhoraho, nungeze,suzuma umutima wanje n’ivyiyumviro vyanje;
7ndirimba ishimwe ryawemvuga ibitangaza vyose wakoze.
12Ibirenge vyanje birashikamye;nzohimbaza Uhoraho mw’ikoraniro rinini.
8Umuntu ashimwa kubera ukwiyubara kwiwe,ariko igipfu kirakengerwa.
22Uhoraho azira iminwa ibesha,agahimbarirwa abizigirwa.
28Mu nzira y’ubugororotsi hari ubuzima,kandi muri iyo nzira hari ukudapfa.
36ko hatazobura uwo mu ruvyaro rwiwe aba umwami ibihe vyosekandi ingoma yiwe izokwama ihangamye imbere yanje nk’izuba;
37izoshingwa ibihe vyose nk’ukwezi,icabona co kwizigirwa co kw’ijuru."
52Uhoraho ahimbazwe ibihe bidashira!Amen kandi Amen!
10Izina ry’Uhoraho ni umunara ukomeye;abagororotsi barihungiramwo bakaba amahoro.
13Gushoka wishura utabanje kwumvirizani ubupfu, biramaramaza.
18Ubupfindo bumara impari,bugatatura ibihangange bihanganye.
3ni we aharira ivyaha vyawe vyoseagakiza ingwara zawe zose,
4ni we acungura ubugingo bwawe ngo ntibuje muri rwa rwoboakakwambika urukundo n’imbabazi nk’igitsibo,
8Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.
6Ubutunzi umuntu aronkesheje akarimi kabeshani umwotsi utumuka, ni umutego wica.
21Uwukurikirana kugororoka no kugira urukundoaronka ubuzima, kugubwa neza n’icubahiro.
22Umunyabwenge atera igisagara c’abanyenkomezi,agasenyagura inzitiro bari bishimiye.
2Kuva i Siyoni, h’ubwiza buhebuje,Imana irakayanganye.
14Nimushikanire Imana ikimazi c’ishimwe,mushitse ivyo mwasezeraniye Iyisumbavyose,
18Ubonye umusuma wifatanya na we;ugasangira umugabane wawe n’abasambanyi.
1Ncira urubanza runkiza, ewe Mana yanje,uburane urubanza rwanjemfitaniye n’ihanga ritizigirwa.Ntabara unkize abo bantu,buzuye ubugunge n’ikibi.
2Uri Imana, igihome kinkingira.Ni igiki kikumpebesheje?Ni igiki gituma mbayeho ngandaye,mpahazwa n’umwansi?
5Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?Ni igiki gitumye umpagararamwo?Niwizigire Imana,kuko nzosubira kuyihimbaza,yo mukiza wanje n’Imana yanje.
2Abacunguwe n’Uhoraho nibashinge iyo intahe;abo yacunguye akabakura mu kuboko kw’umwansi,
9kuko amara inyota abanyoteweagahaza ivyiza abashonje.
40Imana ituma abaganwa bamaramaraituma bangara mu bugaragwa butagira inzira.