Daniyeli ajanwa i Babiloni
1 Mu mwaka ugira gatatu umwami Yehoyakimu w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Nebukadineza umwami w’i Babiloni yaja gutera i Yerusalemu arahugariza. 2 Umwami Imana amuha kunesha Yehoyakimu umwami w’i Buyuda kandi yemera ko na bimwe mu bikoresho vyejejwe vyo mu Ngoro y’Imana abinyaga. Nebukadineza abitwara i Babiloni abishira mu nzu y’imana yiwe.
3 Hanyuma umwami ategeka Ashipenazi, umukuru w’abakozi bo ku kirimba iwe, kumuzanira bamwe bo mu Bisirayeli bakomoka mu miryango y’abami n’iy’abubahwa, 4 abasore b’amagara meza, b’akaranga, bashoboye kwiga ningoga, bafise impano y’ubwenge no gutahura kandi bashoboye gukora ku kirimba i bwami. Yategerezwa kubigisha ururimi n’ivyanditswe vy’i Babiloni. 5 Umwami ategeka ko babagaburira ku vyo asanzwe afungura, bakanywa no ku muvinyu asanzwe anywa. Bategerezwa kumara imyaka itatu bigishwa, hanyuma bagaca batangura gukora i bwami.
6 Mu basore bahisemwo, harimwo Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya, bose bava i Buyuda.