10 Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato. 11 Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. 12 Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: "Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe." 13 Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
14 Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abantu bari aho ati: "Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato."
15 Umwami Yesu aca arishura ati: "Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi? 16 Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?"
17 Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.