Pular para o conteúdo
Publicidade

Luka 19

Zakayo umutozakori yihana

1 Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana. 2 Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane. 3 Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba ari mugufi. 4 Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.

5 Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: "Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe." 6 Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.

7 Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: "Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!"

8 Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: "Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine."

9 Yesu aca avuga ati: "Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu. 10 Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também