48 Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: "Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera."
49 Yesu aramubaza ati: "Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?" 50 Ariko ntibatahura ico ababwiye.
51 Maze baca basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.