3 Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye. 4 Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Baca basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko. 5 Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: "Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."
6 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati: 7 "Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"
8 Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 9 Mbega icoroshe ni uko nobwira uwu muntu amugaye nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’? 10 Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko aca abwira uwo muntu ati: 11 "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." 12 Wa muntu aca arahaguruka, aterura inderuzo yiwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: "Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!"