Pular para o conteúdo
Publicidade

Marcos 3

Yesu akiza umuntu ku musi w’Isabato

1 Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko. 2 Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko barondera ico bofatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira. 3 Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: "Haguruka uhagarare hano imbere y’aba bantu bose."

4 Arababaza ati: "Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?" Ntihagira n’umwe amwishura.

5 Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Maze aca abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Akugoroye guca kurakira.

Veja também