Pular para o conteúdo
Publicidade

Mariko 5

Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye

21 Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari. 22 Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe, 23 aramutakambira ati: "Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima." 24 Nuko Yesu ajana na we.

Kandi hari abantu benshi bari bamukurikiye, bamubanda. 25 Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso5:25 Yava amaraso mu gihimba ciwe c’irondoka.. 26 Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. 27 Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, 28 kuko yibwira ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." 29 Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

30 Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?"

31 Abigishwa biwe baramwishura bati: "Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: Ni nde ankozeko?"

32 Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. 33 Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. 34 Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe."

35 Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, bamubwira bati: "Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?"

36 Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, wizere gusa."

37 Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. 38 Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga. 39 Nuko arinjira, ababwira ati: "Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." 40 Ba bantu baramutwenga.

Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. 41 Amufata ukuboko amubwira ati: "Talita kumi!" bisigura ngo: "Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!" 42 Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane. 43 Maze Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.

Veja também